Amaraso ya Kristo
11 Ariko Kristo yaje nk’Umuherezi Mukuru w’ivyiza bisanzwe bihari9:11 Zimwe mu nzandiko za kera zivuga ngo: ivyiza bigiye kuza., yinjira mw’ihema rikuru kandi ritunganye kuruta ayandi. Iryo ntiryubatswe n’amaboko y’abantu, bisigura ko ritari iryo mu vyaremwe.
15 Ni co gituma Kristo ari umuhuza w’isezerano rishasha hagati y’Imana n’abantu, kugira ngo abahamagawe bose baronke imihezagiro idashira Imana yabasezeraniye. Kuko Kristo yapfuye kugira ngo abakize igihano c’ivyaha bakoze bakiri mw’isezerano rya mbere.