Pular para o conteúdo
Publicidade

João 11

Urupfu rwa Lazaro

1 Hariho umuntu yitwa Lazaro yava i Betaniya yari agwaye. Betaniya cari igisagara Mariya na Marita mwene nyina babamwo. 2 (Uwo Mariya ni umwe yasuka amavuta atamirana ku birenge vy’Umwami Yesu akabihanaguza imishatsi yiwe. Musazawe, Lazaro, ni we yari agwaye.) 3 Nuko bashiki ba Lazaro batumako Yesu bati: "Mwami, umwe ukunda aragwaye."

4 Yesu avyumvise, aravuga ati: "Ingwara ya Lazaro si iyo kumwica. Ahubwo ni iyo kwerekana icubahiro c’Imana, kugira ngo Umwana w’Imana ahabwe icubahiro biciye muri yo." 5 Yesu yarakunda Marita na mwene nyina Mariya na Lazaro. 6 Ariko inyuma yo kwumva ko Lazaro agwaye, yamaze aho yari ari iyindi misi ibiri. 7 Hanyuma abwira abigishwa biwe ati: "Ingo dusubire i Yudaya."

8 Abigishwa biwe baramubaza bati: "Mwigisha, haheze imisi mike cane Abayuda bashatse kugutera amabuye, none ushaka gusubirayo?"

9 Yesu arabishura ati: "Mbega umurango ntugizwe n’amasaha cumi n’abiri? Uwugenda ku murango ntashobora gutsitara, kuko abonesherezwa n’umuco w’iyi si. 10 Ariko iyo umuntu agenda mw’ijoro arashobora gutsitara kuko ata muco uba uhari."

11 Ahejeje kuvuga ivyo, arababwira ati: "Umukunzi wacu Lazaro arasinziriye; ariko ngira nje kumuvyura."

12 Abigishwa baramwishura bati: "Mwami nimba asinziriye, azokira." 13 Yesu yashaka kuvuga ko Lazaro yapfuye, ariko bo bibaza ko ari ugusinzira gusanzwe.

14 Nuko aca arabitomora ati: "Lazaro yapfuye,

Veja também