Yesu ni umuzabibu w’ukuri
1 Jewe ndi umuzabibu w’ukuri, Data na we ni we awitaho. 2 Ishami ryose ryo kuri jewe ritama ararica, ariko ishami ryose ryama ararituturira akarituganya kugira ngo rirushirize kwama. 3 Mwebwe muramaze gutungana kubera ijambo nababwiye. 4 Nimugume muri jewe, nanje ngume muri mwebwe. Nk’uko ishami ridashobora kwama riri ukwaryo, kiretse rigumye ku muzabibu, ni ko namwe mudashobora kwama mutagumye muri jewe.
5 Jewe ndi umuzabibu; namwe muri amashami. Nimwaguma muri jewe nanje nkaguma muri mwebwe, muzokwama ivyamwa vyinshi. Erega mutari kumwe nanje nta co mushobora gukora! 6 Uwutagumye muri jewe, ameze nk’ishami riterewe hanze rikuma; amashami ameze nk’iryo barayegeranya bakayaterera mu muriro agasha. 7 Nimwaguma muri jewe, amajambo yanje akaguma muri mwebwe, muze musabe ico mushaka cose, kandi muzogihabwa. 8 Iyo mwamye ivyamwa vyinshi, muba mwerekanye ko muri abigishwa banje kandi ivyo bihesha Data icubahiro.