4 Pilato yongera gusohoka abwira Abayuda bari bakoraniye aho ati: "Ngira ndamusohore ndamubazanire, ariko mumenye ko ata kibi na kimwe nasanze kimwagira." 5 Nuko Yesu asohoka yambaye urugori rw’amahwa ku mutwe n’impuzu y’ubwami. Pilato arababwira ati: "Ng’uwu wa muntu!"
6 Abaherezi bakurubakuru n’abarinzi b’urusengero bamubonye, barasemerera bati: "Nabambwe! Nabambwe!"
Pilato arabishura ati: "Nimumujane mwebwe mumwibambire kuko ata kibi na kimwe nasanze kimwagira."