Pular para o conteúdo
Publicidade

Yohana 20

14 Ahejeje kuvuga ivyo, arahindukira abona Yesu ahagaze hafi yiwe, ariko ntiyamumenya.

15 Yesu aramubaza ati: "Mupfasoni, ni kuki uriko urarira? Urondera nde?"

Mariya yiyumviriye ko ari umurimyi wo muri iryo tongo, aramubwira ati: "Nyakwubahwa, nimba ari wewe wamutwaye, mbwira aho wamushize nje kumutora."

16 Yesu aca aramuhamagara ati: "Mariya."

Na we arahindukira aramuraba, aca arasemerera mu rurimi rw’Igiheburayo ati: "Rabuni!" (bisigura "Mwigisha").

Veja também