Yesu akiza umuntu ku kidengeri
1 Hanyuma y’ivyo, Yesu aduga i Yerusalemu ku musi mukuru w’Abayuda. 2 Aho i Yerusalemu, hafi y’Irembo ry’Intama, hariho ikidengeri citwa Betezata mu rurimi rw’Igiheburayo, cari gikikujwe n’amabaraza atanu. 3 Muri ayo mabaraza, hari haryamye abarwayi benshi, harimwo abatabona, abacumbagira, n’abanyunyutse. [Bari barindiriye ko amazi azikuruka. 4 Kuko rimwe na rimwe umumarayika w’Umwami Imana yaramanuka akazikurura amazi. Maze uwa mbere aterewe muri ico kidengeri amazi azikurutse, yaca akira ingwara iyo ari yo yose yaba agwaye.]5:4 Mu nzandiko zimwezimwe za Bibiliya aya majambo ntarimwo. 5 Umwe muri bo, yari amaze imyaka mirongo itatu n’umunani agwaye. 6 Yesu amubonye aryamye aho, akamenya n’uko amaze igihe kirekire agwaye, aramubaza ati: "Urashaka gukira?"
7 Wa muntu agwaye aramwishura ati: "Nyakwubahwa, nta muntu mfise wo kunterera mu kidengeri iyo mazi azikurutse; kuko nkiriko ndagerageza kujayo, nsanga hari uwantanzeyo."
8 Maze Yesu aramubwira ati: "Haguruka, ikorere ikirago cawe ugende." 9 Ubwo nyene wa muntu arakira, aterura ikirago ciwe, aragenda.
Ivyo vyabaye ku musi w’Isabato.