Pular para o conteúdo
Publicidade

Yohana 9

Yesu akiza umuntu yavutse ari impumyi

1 Yesu ariko ararengana, abona umuntu yavutse ari impumyi. 2 Abigishwa biwe baramubaza bati: "Mwigisha, ni nde yacumuye bigatuma uwu muntu avuka ari impumyi: mbega ni we canke ni abavyeyi biwe?"

3 Yesu arabishura ati: "Ntivyavuye ku vyaha vyiwe canke ku vy’abavyeyi biwe, ariko ibi vyabaye kugira ngo ubushobozi bw’Imana bwiyerekanire muri we. 4 Dutegerezwa gukora ibikorwa vy’uwantumye hakibona. Ijoro riraje, aho ata wushobora gukora. 5 Nkiri mw’isi, ndi umuco w’isi."

6 Ahejeje kuvuga ayo majambo, acira amate hasi, avuruga utwondo akoresheje ayo mate; adusiga ku maso ya wa muntu. 7 Aramubwira ati: "Genda wiyuhagire ku kidengeri c’i Silowamu" (Silowamu bisigura Uwatumwe). Wa muntu aragenda ariyuhagira, agaruka abona.

8 Ababanyi biwe n’abari bamuzi ari impumyi isegerereza barabazanya bati: "Mbega uwu si wa muntu yahora yicara asegerereza?" 9 Bamwe baravuga bati: "Ni we."

Ariko abandi bakavuga bati: "Oya, ni uwo basa."

Ariko wa muntu arababwira ati: "Ni jewe!"

10 Baramubaza bati: "None vyagenze gute ngo amaso yawe ahumuke?"

11 Arabishura ati: "Umuntu bita Yesu ni we yavuruze utwondo atunsiga ku maso, hanyuma ambwira ati: Genda wiyuhagire ku kidengeri c’i Silowamu. Naciye njayo ndiyuhagira, none ndabona."

12 Baramubaza bati: "None uwo muntu ari he?"

Arababwira ati: "Sindahazi."

Veja também