14 Ivyagezwe ubwavyo ni ivy’impwemu, ariko jewe ndi umuntu w’umunyantegenke ajakariye icaha. 15 Nanje ubwanje sinitahura, kuko ivyo nipfuza gukora si vyo nkora, ahubwo nsanga nakoze ivyo nanka. 16 None rero iyo menye ko ivyo nkoze ntashaka gukora ari bibi, mba nemeje ko ivyagezwe ari vyiza. 17 Kandi ko nkora ivyo ntashaka, vyerekana ko atari jewe ndabikora, ariko ko ari icaha kiba muri jewe.
Publicidade