Publicidade

Sofonias 1

14 Umusi uhambaye wUhoraho uri hafi,

uri hafi kandi uje wihuta.

Amarira yo ku musi wUhoraho azoba ateye agahinda,

aho n’umuhizi mu ntambara azoboroga.

15 Uwo musi uzoba ari umusi w’uburake,

umusi w’amarira n’imibabaro,

umusi w’ivyago no guhona,

umusi w’umwijima w’umuzitanya,

umusi w’igipfungu n’ukwiraburanirwa,

16 umusi w’inzamba n’akaruru k’intambara,

yo kugwanya ibisagara bizitiriwe

n’iminara yo mu mfuruka zavyo.

17 Nzoteza ivyago amahanga,

agende arajuragirika kurya kw’impumyi,

kuko bacumuye kUhoraho.

Amaraso yabo azoseswa hasi nk’amazi,

n’imibiri yabo ibore nk’umwavu.

18 Ifeza zabo canke inzahabu zabo

nta na kimwe kizoshobora kubakiza,

ku musi w’uburake bwUhoraho."

Mu kururumba kw’ishari ryiwe

isi yose iyo iva ikagera, izotongorwa n’umuriro,

kuko azoshiraho iherezo mu buryo bwihuta

ry’abantu bose bari kw’isi.

Veja também

Sofonias
Ver todos os capítulos de Sofonias
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-07-05_19-25-13-