6 Umurongozi w’Ishengero ategerezwa kuba ari inyankamugayo, umugabo afise umugore umwe, abana biwe bizera kandi batazwi nk’abigenza nabi canke abagarariji. 7 Umurongozi w’Ishengero ajejwe kuritunganya neza. Ni co gituma akwiye kuba ari inyankamugayo. Ntakwiye kuba umunyabwibone canke umuntu atwarwa n’ishavu. Ntakwiye kandi kuba ari umuntu aborerwa, atongana canke arondera ubutunzi mu nzira mbi. 8 Ariko akwiye kuba uwukunda kwakira ingenzi i muhira iwe, akunda kugira neza, aganza ingeso ziwe, agororoka, yejejwe kandi yirinda. 9 Ategerezwa kuba uwuzigama neza ijambo ry’ukwizera yigishijwe, kugira ngo ashobore kuremesha abandi mu vyizerwa vy’ukuri, no gutsinda abamuhaririza.