Muharire ababagirira nabi
5 Nimba hariho uwabateye umubabaro, si jewe yabikoreye, ni mwebwe mwese yabikoreye, canke bamwe muri mwebwe, kandi aha sindengeje urugero. 6 Abenshi muri mwebwe mwaramugwanije kandi ico gihano yahawe kiramaze. 7 Ni co gituma ubu hageze ko mumuharira, mukamwirura, ahandi ho umubabaro womuca intege. 8 Ndabinginga rero ngo musubire mumwereke urukundo.