Pawulo ashima Imana
3 Ndashima Imana nkorera n’umutima wanje wose nk’uko ba sogokuruza bayikorera. Nama nkwibuka iyo nsenze ijoro n’umutaga. 4 Nama nibuka amarira yawe igihe twatandukana, bikantera kwipfuza gusubira kukubona kugira ngo nuzure umunezero. 5 Nama nibuka ukwizera kwawe kwabanje kuba muri nyokuru wawe Lowisi no muri nyoko Ewunise, ubu naho kukaba kubandanya kuba muri wewe.