Pular para o conteúdo
Publicidade

Ivyahishuwe 16

13 Nca mbona impwemu mbi zitatu zimeze nk’ibikere, ziva mu kanwa ka ca gisato, n’aka ca gikoko, n’aka wa muvugishwa w’ibinyoma. 14 Izo ni impwemu z’abadayimoni zikora ibitangaza n’ibimenyetso, zikaja ku bami bo kw’isi yose, kugira ngo zibakoranirize ku rugamba ku musi uhambaye w’Imana Mushoboravyose.

15 "Ehe ndaje nk’igisuma ata wunyiteze. Hahiriwe uwama ari maso, akama yambaye, kugira ngo ntazogende ari gusa, akamaramazwa n’ubwambure bwiwe."

16 Maze zica zikoraniriza ba bami mu kibanza citwa Haramagedoni mu rurimi rw’Igiheburayo.

Estes versículos te tocaram? Ore agora!

+581 estão orando agora.

Junte-se à corrente de oração.

Veja também