Pular para o conteúdo
Publicidade

Ivyahishuwe 20

Abapfuye bacirwa urubanza

11 Hanyuma nca mbona intebe y’inganji nini cane, mbona n’uwuyicayeko. Ijuru n’isi birahunga biva imbere yiwe, ntivyasubira kuboneka. 12 Nca mbona abapfuye, abakuru n’abato, bahagaze imbere ya ya ntebe, maze ibitabu birazingururwa. Ikindi gitabu kirugururwa, ni co gitabu c’ubugingo. Abapfuye bacirwa imanza z’ivyo bakoze nk’uko vyari vyanditse muri ico gitabu. 13 Ikiyaga kigarukana abapfuye bari muri co, urupfu na kuzimu bigarukana abari muri vyo, umwe wese acirwa urubanza ruhwanye n’ivyo yakoze. 14 Maze rupfu na kuzimu bitererwa mu kiyaga caka umuriro. Ico kiyaga caka umuriro ni co rupfu rwa kabiri. 15 Umuntu wese atasanze izina ryiwe ryanditswe mu gitabu c’ubugingo, atererwa muri ico kiyaga caka umuriro.

Estes versículos te tocaram? Ore agora!

+581 estão orando agora.

Junte-se à corrente de oração.

Veja também