10 Aca anjana ndi muri mpwemu, andugana ku musozi munini kandi muremure, aca anyereka igisagara cera, Yerusalemu, cururuka kiva mw’ijuru ku Mana. 11 Ico gisagara cakayangana ubwiza bw’Imana kandi imishwarara yaco yari imeze nk’iy’akabuye k’igiciro kitwa yasipi, kibonerana nk’ikiyo. 12 Cari kizitijwe uruhome runini mu bwaguke kandi rurerure, rufise amarembo cumi n’abiri arinzwe n’abamarayika cumi na babiri. Kandi amazina y’imiryango cumi n’ibiri ya Isirayeli yari yanditse kuri ayo marembo. 13 Mu buseruko hari amarembo atatu, mu buraruko atatu, mu bumanuko atatu, no mu burengero atatu nyene. 14 Uruzitiro rw’ico gisagara rwari rwubakiye ku mabuye cumi n’abiri y’urufatiro, ari zo ntumwa z’Umwagazi w’intama.
Publicidade
Publicidade