Ibimatanije umuzingo w’igitabu
1 Ngize gutya, mbona wa Mwagazi amena ica mbere muri bimwe indwi bimatanije wa muzingo w’igitabu. Nca numva kimwe muri vya binyabugingo kivuze n’ijwi nk’iry’inkuba kiti: "Ingo!" 2 Ndavye imbere yanje nca mbona ifarasi yera. Uwayigenderako yari afise umuheto, hanyuma ahabwa urugori, aca ayigenderako nk’uwanesheje kandi agiye kunesha.