7 Yuguruye ica kane nca numva ikinyabugingo ca kane kivuze kiti: "Ingo!" 8 Haca haza ifarasi isa n’urwatsi rubisi. Uwuyigenderako yitwa Rupfu, uwaje amukurikira na we yitwa Kuzimu. Baca bahabwa ububasha, ku ca kane c’isi, bwo kumarisha abantu inkota, inzara, ingwara, n’ibikoko vyo mw’ishamba.
Publicidade