Publicidade

Hebreus 9

16 Iyo hari ikete ryo kuraga, biba nkenerwa kwerekana ko uwanditse iryo kete yamaze gupfa. 17 Ivyanditse muri iryo kete ryo kuraga bishirwa mu ngiro iyo uwavyanditse yamaze gupfa. Akiriho, ivyanditswe muri ryo ntibishobora gushirwa mu ngiro. 18 Ni co gituma n’isezerano rya mbere na ryo ryagiye mu ngiro habanje guseseka amaraso. 19 Kuko Mose amaze gusomera abantu bose amabwirizwa y’Imana, yakiriye amaraso y’impfizi n’ayimpene hamwe n’amazi, ayamijagira kuri ca gitabu c’ivyagezwe vy’Imana no ku bantu bose, akoresheje amashami y’agati kitwa ezobu n’ubwoya bw’intama bwera cane. 20 Maze aravuga ati: "Aya ni amaraso y’isezerano Imana ibategeka kwitondera."9:20 Kuvayo 24:8

Veja também

Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-07-05_12-11-46-