Pular para o conteúdo
Publicidade

Luka 15:1-7

Umugani w’intama yazimiye

1 Umusi umwe abatozakori n’abanyavyaha bari bakikije Yesu bamwumviriza. 2 Maze ivyo bituma Abafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe batangura kumwidodombera bavuga bati: "Uwu mugabo yicarana n’abanyavyaha, agasangira na bo!"

3 Yesu aca abacira uwu mugani ati: 4 "Hamwe muri mwebwe hoba hari uwufise intama ijana hanyuma imwe muri zo ikazimira, ntiyosiga izo mirongo icenda n’icenda mu gahinga, akaja kurondera iyo yazimiye gushika ayitoye? 5 Kandi ayitoye yoca ayiterera ku rutugu anezerewe 6 akayitwara i muhira, agahamagara ababanyi n’abagenzi akababwira ati: ‘Nimuze tunezeranwe kuko natoye intama yanje yari yazimiye.’ 7 Ndababwire ukuri, no mw’ijuru haba umunezero mwinshi iyo umunyavyaha umwe yihanye gusumba uwo bagirira abagororotsi mirongo icenda n’icenda badakeneye kwihana.

Estes versículos te tocaram? Ore agora!

+581 estão orando agora.

Junte-se à corrente de oração.