Pular para o conteúdo
Publicidade

Luka 15:11-24

Umugani w’umwana w’icangazi

11 Yesu abandanya ababwira ati: "Habaye umugabo yari afise abahungu babiri. 12 Umusi umwe, umuhungu muto aritora abarira se ati: ‘Data, mpa umugabane w’ubutunzi norazwe.’ Nuko se abagaburira ubutunzi bwiwe.

13 Haciye imisi mike wa muhungu muto yegeranya ubutunzi bwiwe, aja mu gihugu ca kure, yonona ubwo butunzi bwiwe mu kuja mu buhumbu. 14 Amaze gusesagura bwa butunzi bwose, haca hatera amapfa muri ico gihugu, maze wa muhungu arakena. 15 Nuko aja gushumbira umuntu wo muri ico gihugu, na we amurungika mu mirima yiwe kumuragirira ingurube. 16 Uwo muhungu arasonza gushika aho yipfuza ivyokurya vy’ingurube, ariko na vyo nta n’umwe yabimuha.

17 Ariko umusi umwe akenge karagaruka, aribwira ati: ‘Kwa data hari abakozi benshi kandi bararya bagasigaza, ariko jeho inzara igira inyicire hano. 18 Ngira mpaguruke nsubire kwa data ndamubwire nti: Data naracumuye ku Mana yo mw’ijuru, ncumura no kuri wewe. 19 Sinkibereye kwitwa umwana wawe; ntabara umfate nk’umwe mu bakozi bawe.’ 20 Nuko afata akayira aja kwa se.

Akiri kure, se aramubona, afatwa n’ibigumbagumba, ariruka aja kumusanganira, aramugumbira, aramusomagura.

21 Wa muhungu abarira se ati: ‘Data, naracumuye ku Mana yo mw’ijuru, ncumura no kuri wewe. Sinkibereye kwitwa umwana wawe.’

22 Ariko se aca abarira abakozi biwe ati: ‘Nimwihute muzane ikanzu nziza iruta izindi muyimwambike, mumwambike n’impeta ku rutoke, n’ibirato ku birenge. 23 Hanyuma muzane n’impfizi ivyibushe muyibage, turye, tunezerwe, 24 kuko umwana wanje yari yarapfuye none arazutse, yari yarazimiye none arazimurutse.’ Nuko baca batangura kugira umusi mukuru.

Estes versículos te tocaram? Ore agora!

+581 estão orando agora.

Junte-se à corrente de oração.