Turi ingingo nyinshi zigize umubiri umwe
12 Umubiri ni umwe n’aho ugizwe n’ibihimba vyinshi; kandi n’aho ibihimba vyawo ari vyinshi bigize umubiri umwe. N’umubiri wa Kristo ni uko. 13 Twese twabatijwe na Mpwemu umwe mu mubiri umwe: Abayuda, Abagiriki, abagurano, n’abidegemvya, kandi twese twahawe Mpwemu umwe. 14 Umubiri ntugizwe n’igihimba kimwe, ugizwe n’ibihimba vyinshi.
15 Ikirenge kivuze giti: "Ko ntari ukuboko, sindi igihimba c’umubiri," ivyo ntivyotuma kireka kuba igihimba c’umubiri. 16 Kandi ugutwi kuvuze guti: "Ko ntari ijisho, sindi igihimba c’umubiri," ivyo ntivyotuma kireka kuba igihimba c’umubiri. 17 Mbega nka hamwe umubiri wose woba ijisho gusa, kwumva vyoca bibera he? Canke na ho nka hamwe umubiri wose woba ugutwi, kumoterwa vyoca bibera he? 18 Ariko noneho Imana yashize ibihimba bitandukanye ku mubiri, kimwekimwe cose aho biyihimbaye kugishira. 19 Umubiri ntiwoba umubiri mu gihe woba ugizwe n’igihimba kimwe gusa. 20 Nk’uko bimeze rero, hari ibihimba vyinshi ariko umubiri ni umwe.
21 Ijisho ntiryobarira ukoboko riti: "Sindagukeneye," kandi umutwe ntiwobwira ibirenge uti: "Sindabakeneye." 22 Ahubwo n’ibihimba vyose womenga ni bitobito kurusha ibindi birakenewe cane. 23 Kandi ibihimba womenga ntivyubashwe cane ni vyo twitwararika cane kwambika. Ibihimba tutipfuza ko bija ahabona ni vyo twitwararika gufata neza, 24 ariko ibija ahabona tubifata ibisanzwe. Imana yafatanije ibihimba vy’umubiri vyose ica iha icubahiro ibitagifise, 25 kugira ngo ntihabe ukwitandukanya kw’umubiri, ahubwo ibihimba vyose vyitaneho ku rugero rungana. 26 Iyo hagize igihimba kimwe kigwara, ibindi vyose bigwarana na co. Kandi iyo igihimba kimwe cubashwe, ibindi vyose binezeranwa na co.
27 Namwe muri umubiri wa Kristo, kandi umwe wese muri mwebwe ni igihimba c’uwo mubiri.