22 Nk’uko muri Adamu bose bapfuye, muri Kristo bose bazogirwa bazima. 23 Ariko hazoba urukurikirane mu kuzuka: Kristo yarazutse nk’ivyeze imbere y’ibindi; hanyuma abamukurikiye bose bazozuka niyagaruka. 24 Inyuma y’aho hazoca haza umuhero wa vyose, aho azotanga Ubwami akabushikiriza Imana Data, amaze gusangangura ububasha bwose, ubutware bwose n’ubushobozi bwose. 25 Kuko ategerezwa kuganza gushitsa ashize abansi biwe musi y’ibirenge vyiwe.
Publicidade