45 Ivyanditswe bivuga ngo: "Umuntu wa mbere, ari we Adamu, yabaye uwufise ubuzima,"15:45 Itanguriro 2:7 Adamu wa nyuma, ari we Kristo yaje ari Impwemu itanga ubugingo. 46 Uw’impwemu si we yaje ubwa mbere, habanje kuza uw’umubiri, hanyuma haza uw’impwemu. 47 Umuntu wa mbere, ari we Adamu, yavuye mw’ivu, uwo hanyuma, ni we Kristo, yavuye mw’ijuru. 48 Ab’isi bameze nk’uwo mu muntu w’isi, ariko abo mw’ijuru bameze nk’uwo muntu wo mw’ijuru. 49 Kandi nk’uko twavutse dufise kamere muntu k’abo kw’isi, ni ko tuzoba dufise kamere k’abo mw’ijuru.
Publicidade