Ubusambanyi bwari mw’ishengero
1 Narumvise ko hari ingeso y’ubusambanyi hagati muri mwebwe, ubusambanyi butaba no mu bantu batizera Imana: numvise ko hari umugabo yarongoye umugore wa se. 2 Kandi ikibabaje, aho gutuntuzwa n’ivyo, maze umuntu yabikoze mukamutaramura muri mwebwe, mubandanya mwishira hejuru.