Publicidade

1 Coríntios 6

Ukuburana hagati y’abizera

1 Iyo umwe muri mwebwe agize ico apfa na mwene Data wundi, ni kuki amwitwarira mu batubaha Imana ngo babe ari bo babacira urubanza, aho kwitura abizera ngo babatature? 2 Mbega ntimuzi ko abizera ari bo bazocira imanza isi? None nimba muzocira imanza isi, mwonanirwa no gutatura amatati asanzwe? 3 Mbega ntimuzi ko muzocira imanza n’abamarayika? Ni co gituma mwari mukwiye gutatura amatati asanzwe yo muri buno buzima. 4 None iyo hadutse amatati yo muri ubu buzima, ni kuki muja kuronderera abacamanza mu bantu batanemewe mw’ishengero? 5 Ibi ndabivuze kugira ngo ndabamaramaze. Birashoboka ko muri mwebwe habura n’umwe afise ubwenge, ashoboye gutatura amatati ari hagati mu bizera?

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-29_22-07-56-