9 Mbega ntimuzi ko inkozi z’ibibi zitazoragwa Ubwami bw’Imana? Ntimukibeshe: abihumanisha ibijanye n’ibitsina, abasenga ibigirwamana, abasambanyi, abagabo bihindura abagore mu bumaraya, abahuza ibitsina n’abafise ibisa n’ivyabo, 10 abasuma, ingunge, imborerwa, abavuga nabi abandi, n’abambuzi ntibazoragwa Ubwami bw’Imana. 11 Kandi bamwe muri mwebwe bari bameze nk’abo. Ariko mwarogejwe, murezwa, mwongera mwemerwa n’Imana nk’abagororotsi mw’izina ry’Umwami Yesu Kristo, mubihawe na Mpwemu w’Imana yacu.
Publicidade
Publicidade