3 Umugabo ategerezwa kurangura amabanga y’abubatse n’umugore wiwe, n’umugore wiwe ni uko nyene. 4 Umugore aba yemeye guha umubiri wiwe umugabo ngo abe ari we awuganza, kandi n’umugabo n’uko aba yemeye guha umubiri wiwe umugore ngo abe ari we awuganza. 5 Ntihakagire uwanka kurangura amabanga y’abubatse n’uwundi, kiretse mwumvikanye kwihangana igihe gito, kugira ngo mufate umwanya wo gusenga. Hanyuma mugaca musubira kubana bisanzwe kugira ngo Satani ntaronke aho abaca ngo abageragereshe ukunanirwa kuganza imibiri yanyu.
Publicidade