Publicidade

2 Coríntios 4

7 Ariko twebwe ubwacu tumeze nk’udukono tumeneka turimwo ubwo butunzi buhebuje. Ni co cerekana ko ubushobozi buhambaye bukorera muri twebwe buva ku Mana, atari kuri twebwe. 8 Dushikirwa n’ingorane z’ubwoko bwose, ariko turi bazima. Turakehanirwa ariko ntiducika intege. 9 Turahamwa ariko ntituva ku Mana. Dukubitwa hasi ariko ntidupfa. 10 Mu mibabaro yacu, imibiri yacu isangira urupfu na Yesu kugira ngo ubuzima bwiwe bubonekere mu mibiri yacu. 11 N’aho turi bazima, twama duhakwa kwicwa ku bwa Yesu, kugira ngo ubuzima bwiwe bubonekere mu mibiri yacu ipfa.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-29_22-07-56-