6Ubutunzi umuntu aronkesheje akarimi kabeshani umwotsi utumuka, ni umutego wica.
25Umunyabute yicwa no kwipfuza,kuko ata co ahereza amaboko.
30Nta bwenge, nta gutahura,nta n’umugambi wo kugwanya Uhoraho worama.
87 resultados encontrados
6Ubutunzi umuntu aronkesheje akarimi kabeshani umwotsi utumuka, ni umutego wica.
25Umunyabute yicwa no kwipfuza,kuko ata co ahereza amaboko.
30Nta bwenge, nta gutahura,nta n’umugambi wo kugwanya Uhoraho worama.
46Arababwira ati: "Handitswe ngo ‘Kristo azobabazwa, apfe, hanyuma azuke mu bapfuye ku musi ugira gatatu,
20Icubahiro kibe ic’Imana Data wa twese ibihe vyose, Amen.
21Mundamukirize abera bose muri Kristo Yesu.Bene Data turi kumwe barabatasha.
23Ubuntu bw’Umwami wacu Yesu Kristo bubane n’impwemu yanyu. Amen.
10Ubwibone bukwega amatati,ariko ubwenge ubusanga mu bemera impanuro.
11Ubutunzi buvuye mu vyibwe buhera ningoga,ariko ubuvuye mu gukora cane buguma bugwira.
16Umunyamakenga akorana ubwenge,ariko igipfu kigaragaza ubujuju bwaco.
13Ndi Alufa na Omega, uwa Mbere n’uwa Nyuma, Intango n’Iherezo.
17Mpwemu w’Imana n’umugeni baravuga bati: "Kaze." N’uwumvise aya majambo wese avuge ati: "Kaze." Uwunyotewe wese naze, kandi uwushaka wese naze anywe ku mazi y’ubugingo ku buntu.
21Ubuntu bw’Umwami Yesu bube kuri bose. Amen.
11riti: "Wandike mu gitabu ivyo ubona vyose maze ubirungikire amashengero indwi mu bisagara vya Efeso, Simuruna, Perugamo, Tuwatira, Sarudi, Filadelufiya, na Lawodikiya."
2Ndazi umuntu umwe, muri Kristo, yatwawe mw’ijuru rya gatatu, haraciye imyaka cumi n’ine. Sinzi ko yari mu mubiri canke atari mu mubiri, nta vyo nzi, Imana ni yo ibizi.
17Mbega abantu nabatumyeko hari inyungu babatse?
19Mbega mwibaza ko ibi tubivuga mu kubisigurako? Twamye tuvugira imbere y’Imana nk’abari muri Kristo Yesu. Kandi ivyo dukora vyose ga bakundwa, ni ukugira mukomere mu kwizera.
9Ukenyeze imikanda Aroni n’abahungu biwe, ubambike na twa dukofero. Igikorwa c’ubuherezi kizoba kibaye icabo ibihe vyose biciye muri iryo robanurwa ry’intahava. Uko abe ari ko uzorobanura Aroni n’abahungu biwe.
16Naho yegeranya amafeza yiwe akangana n’imikungungu,akirundaniriza ivyambarwa nk’ibirundo vy’ibumba,
20mushimira vyose Imana Data imisi yose, mw’izina ry’Umwami wacu Yesu Kristo.
26ngo arigire iryejejwe ritunganye, aryogesheje umwuhagiro w’amazi ari ryo Jambo ry’Imana.
30kuko turi ingingo z’umubiri wiwe.
3Muri vyose na hose ga nyakwubahwa Felisi, turabigushimira bivuye ku mutima.
1Inyuma y’imisi itatu Fesitusi ashitse i Kayisariya, aca aduga i Yerusalemu,
12Yafoye umuheto wiweantumberezako imyampi yiwe.
21Ariko ibi ni vyo nibukabikantera ivyizigiro:
34Gufyonyorera musi y’ibirengeimbohe zose zo mu gihugu,
7Bakundwa, muze dukundane, kuko urukundo ruva ku Mana. Umuntu wese akundana yavyawe n’Imana kandi arayizi.
15Umuntu wese yemera ko Yesu ari Umwana w’Imana, Imana iba muri we na we akaba muri yo.
16Turazi urukundo Imana yadukunze kandi twashize ivyizigiro vyacu mu rukundo rwayo.Imana ni urukundo. Umuntu wese aba mu rukundo aba mu Mana na yo ikaba muri we.
2Umusi umwe abarira nyina wiwe ati: "Narumvise uvuma uwakwivye shekeli igihumbi n’ijana17:2 Ni nk’ibilo 13. z’ifeza. Ni jewe nazivye, ni jewe ndazifise."Nyina amwishura ati: "Uhoraho aguhezagire, mwana wanje."
10Ese ayo ngowe, kubona mama yaramvyaye,jewe nkankwa n’igihugu cose!Sinaguranye canke ngo ngire uwungurana,ariko bose baramvuma.
12Mbega umuntu yovuna icuma,icuma kivuye mu buraruko, canke umwakaka?
18Ni kuki umubabaro wanje udashiran’igikomere canje ntigikire?Mbega umbereye nk’umugezi utari wo,nk’isoko umuntu atokwizigira?
10"Niwakire ifeza n’inzahabu ku bari barajanywe ari inyagano ari bo Heludayi, Tobiya na Yedaya, bashitse bavuye i Babiloni. Ugende uwo musi nyene kwa Yosiya mwene Zefaniya.
8Ni we yatubwiye ivy’urukundo rwanyu mwahawe na Mpwemu.
15Kristo ni we shusho iboneka y’Imana itaboneka, imfura irengeye ivyaremwe vyose,
18Ni we mutwe w’umubiri, ari ryo shengero; ni we tanguriro kandi ni we mfura mu kuzuka mu bapfuye; kugira ngo muri vyose abe agaheta,
21Mu vyo twari twanyaze nabonyemwo ikanzu nziza iva i Babiloni, na shekeli amajana abiri7:21 Ni nk’ibilo 2,3. z’ifeza, mbona n’ikigegene c’inzahabu gipima shekeli mirongo itanu7:21 Ni nk’amagarama 575. nca ndavyipfuza. Nabizitse mu kuzimu mw’ihema ryanje, ifeza ni zo ziri musi y’ivyo vyose."
2Uwinjira aciye mw’irembo ni we mwungere w’intama.
9Ni jewe rembo; umuntu wese yinjiye aciye muri jewe azokizwa. Azokwinjira, asohoke kandi aronke ikimutunga.
11Jewe ndi umwungere mwiza. Umwungere mwiza yitangira intama ziwe.