Pular para o conteúdo
Publicidade

Lucas 1

11 Maze umumarayika w’Umwami Imana yiyereka Zakariya, ahagaze i buryo bw’igicaniro baturirirako ibimota neza. 12 Zakariya amubonye afatwa n’ubwoba bwinshi. 13 Ariko wa mumarayika aramubarira ati: "Zakariya we, ntutinye, kuko Imana yumvise ugusenga kwawe. Umugore wawe Elizabeti agiye kukuvyarira umwana w’umuhungu, na we uze umwite Yohana. 14 Uwo mwana azogutera kunezerwa no guhimbarwa, kandi ivuka ryiwe rizonezereza benshi, 15 kuko azoba uwuhambaye imbere y’Umwami Imana. Ntazokoza umuvinyu ku munwa canke ikindi kintu cose kiboreza, kandi azoba yuzuye Mpwemu Yera kuva akiri mu nda ya nyina. 16 Azogarukana Abisirayeli benshi k’Uhoraho, Imana yabo. 17 Azogendera imbere y’Umwami Imana afise impwemu n’ububasha nk’ivya Eliya, kugira ngo agarukane imitima y’abavyeyi ku bana babo, abatumvira Imana na bo abagarukane ku bwenge bw’abagororotsi; uko ni ko azotegurira abantu kwakira Umwami Imana."

Veja também