8 Muri ako karere hari abungere bama barara mu gahinga baraririye imikuku y’ibitungwa vyabo. 9 Umumarayika w’Umwami Imana arabiyereka, ubwiza bw’Umwami Imana bubakayanganira impande zose, na bo baterwa n’ubwoba bwinshi cane. 10 Uwo mumarayika aca ababwira ati: "Ntimutinye kuko ndabazaniye inkuru nziza y’umunezero mwinshi ku bantu bose. 11 Uwu musi, umukiza yabavukiye mu gisagara ca Dawidi, ni we Kristo, Umwami.