9 Abafise inyota nyinshi yo gutunga barageragezwa hanyuma bakagwa mu mitego y’ivyipfuzo vy’ubupfu kandi bibabaza, bibatwara mu kwononekara no guhona. 10 Kuko ugukunda amahera ni wo muzi w’ibibi vyose. Bamwe bagize umwitwarariko mwinshi wo kuyaronka, maze bazimirira kure y’ukwizera kw’ukuri, bita mu bibahagarika imitima.