Pular para o conteúdo
Publicidade

2 Coríntios 6

4 Mu vyo dukora vyose, twerekana ko turi abakozi b’Imana b’ukuri mu kwihanganira amarushwa, imibabaro, n’ivyago vy’ubwoko bwose: 5 mu gukubitwa, mu gushirwa mu mabohero, mu gukora ibikorwa vyinshi biruhije, mu kurara maso, mu gusonza. 6 Ivyo dukora vyose tubikorana imitima itanduye, dufise ubwenge, dufise ukwihangana n’ubugwaneza biva kuri Mpwemu Yera, no mu rukundo atari uruheyiheyi. 7 Twigisha ijambo ry’Imana mu bwizigirwa no mu kuri kwaryo, kandi ubushobozi bw’Imana bukorera muri twebwe. Twitwaje ibigwanisho vy’ukugororoka mu kuryo no mu kubamfu. 8 Turakorera Imana abantu batwubaha canke batugaya, badutuka canke badushima. Turi imvugakuri, ariko batwita ababeshi. 9 Dufatwa nk’abatazwi ariko tuzwi na bose. Dusa n’abegereje urupfu ariko tubandanya tubaho. Turakubitwa ariko ntidupfa. 10 Turababazwa mu mitima ariko twamana umunezero. Dufatwa nk’abakenye ariko dutungishije benshi. Tuboneka nk’aho ata co dufise ariko dufise vyose.

Veja também