2igihe co kuvuka n’igihe co gupfa,igihe co gutera n’igihe co kurandura icatewe,
3igihe co kwica n’igihe co gukiza,igihe co gusambura n’igihe co kwubaka,
4igihe co kurira n’igihe co gutwenga,igihe co kugandara n’igihe co gutamba,
68 resultados encontrados
2igihe co kuvuka n’igihe co gupfa,igihe co gutera n’igihe co kurandura icatewe,
3igihe co kwica n’igihe co gukiza,igihe co gusambura n’igihe co kwubaka,
4igihe co kurira n’igihe co gutwenga,igihe co kugandara n’igihe co gutamba,
9Mukwiye gusenga muvuga muti:Data wa twese uri mw’ijuru,izina ryawe niryubahwe,
12uduharire ivyaha vyacu,nk’uko natwe duharira abaducumuyeko.
27Ni nde muri mwebwe yoshobora kwiyongera akanya na gatoya ko kubaho kubera kwiganyira?
16Mwame munezerewe ibihe vyose
24Iyabahamagaye ni iyo kwizigirwa, no kubishitsa izobishitsa.
28Ubuntu bw’Umwami wacu Yesu Kristo bubane namwe.
5yaradukijije, atari kubera twakoze ibigororotse, ariko kubera imbabazi zayo. Yadukijije mu kutwoza ivyaha vyacu biciye mu kuvuka ubwa kabiri, no mu buzima bushasha bwo muri Mpwemu Yera.
7kugira ngo tumaze kwemerwa nk’abagororotsi ku bw’ubuntu bwayo, tube abaragwa bafise ivyizigiro vy’ubugingo butazoshira.
15Abo turi kumwe hano bose barakuramutsa.Udutahirize abadukunda bose mu kwizera.Ubuntu bubane namwe.
4Umwami yipfuka mu maso araboroga cane ati: "Ewe mwana wanje Abusalomu! Ewe Abusalomu, mwana wanje, mwana wanje!"
6Ukunda abakwanka ukanka abagukunda. Uyu musi uravyerekanye ko abakuru b’ingabo n’ingabo zose ata co bavuze imbere yawe. Ndabona ko wari kunezerwa iyo Abusalomu aba akiriho natwe twese twapfuye.
10kandi Abusalomu twari twasize amavuta ngo abe umwami wacu, yaguye ku rugamba. None ko ata co muvuga ku vyerekeye kugarukana umwami?"
1Mbega none akamaro ko kwitwa Umuyuda ni akahe? Canke agaciro ko gukebwa ni akahe?
15Ibirenge vyabo vyirukira kuvisha amaraso;
16aho baciye bahasiga imisaka n’ubworo,
2Ariko, imisi iraje, ni ko Uhoraho avuze,aho nzovuza inzamba y’urugambarwo kugwanya i Raba ho mu Bamoni;hazohinduka ikigunguzi c’isakamburira,kandi n’imihana ihakikuje izotongozwa umuriro.Maze Abisirayeli bazosohoraabigeze kubasohora hanze,ni ko Uhoraho avuze.
4Ni kuki mwishimira ibiyaya vyanyu,mukishimira ibiyaya vyanyu vyimbuka?Mukobwa Amoni utizigirwa,wizigira ubutunzi bwawe maze ukavuga ngo:‘Ni nde yoza kungwanya?’
25Ni kuki ico gisagara rurangiranwa kitahebwe,igisagara nanezererwa?
17igihuna, ikirovyi, inyanana,
18ikinyamwanira, inkongori, ikiryamivyimba,
19agasoza, ubwoko bwose bw’inyange, samunsure, n’agahungarema.
1Nzoduga ku munara wanje,mpagarare ku kirindiro canje.Nzorindira ico ambwira,menye n’ico ndamwishura kuri aya maganya.
14Kuko isi izokwuzura ukumenya ubwiza bw’Uhoraho,nk’uko amazi yuzura ikiyaga.
16Uzotwikirwa n’isoni mu gishingo c’icubahiro.Ubu ni wewe uramukiwe!Nunywe nawe, ubwambure bwawe bugaragare.Igikombe co mu kuboko kw’i buryo kw’Uhoraho kirabashikiriye,kandi ubumaramare ni bwo buzosubirira ubwiza bwanyu.
14Aya ni yo mazina y’abana yavyariye i Yerusalemu: Shamuwa, Shobabu, Natani, Salomo,
15Ibuhari, Elishuwa, Nefegi, Yafiya,
16Elishama, Eliyada na Elifeleti.
2umutima wanje wuzuye intuntu n’umubabaro udahera
3ku bwa benewacu b’Abayuda. Nopfuma mba ikivume ngatandukana na Kristo, nimba ivyo vyotuma abo mu bwoko bwanje bakizwa.
14None ivyo bivuga ko Imana irenganya? Haba na mba!
23Hahiriwe umuntu adatsitazwa n’ivyanje."
26None mwagiye kuraba iki? Uwuvugishwa n’Imana? Ego cane, mbere ndababwiye ko mwagiye kuraba uwuruta uwuvugishwa n’Imana.
38apfukama i ruhande y’ibirenge vya Yesu arira, ajojotereza amosozi yiwe ku birenge vya Yesu, abihanaguza umushatsi wiwe, arabisomagura yongera abisiga ya mavuta.
6Muzohezagirwa amaja n’amaza.
16Muzovumwa mu bisagara no mu matongo.
50ihanga riteye ubwoba, ritubaha uwushaje canke ngo rigirire impuhwe uwukiri muto.
23kugira ngo bose bubahe Umwana nk’uko bubaha Se. Uwutubaha Umwana, ntiyubaha na Se yamutumye.
29hanyuma bazuke. Abakoze ivyiza, bazozukira ubugingo, abakoze ibibi na bo bazukire gutsindwa n’urubanza.
39Mwiga Ivyanditswe n’umwete mwinshi kuko mwibaza ko bishobora kubaha ubugingo budashira. Ivyo Vyanditswe nyene ni vyo binshingira intahe,
3Mbega Imana iraca urwa ngondagonde?Iyishoboravyose irahotora umugororotsi?
8Baza urunganwe rwo hambere,ushire umutima ku vyo ba sogokuruza baciyemwo.
11Mbega urufunzo rwokura rutari ahantu hajaga?Canke irenga ryokura ritari mu mazi?
13Nshobozwa vyose na Kristo ampa inkomezi.
20Icubahiro kibe ic’Imana Data wa twese ibihe vyose, Amen.
23Ubuntu bw’Umwami wacu Yesu Kristo bubane n’impwemu yanyu. Amen.
10Nimwinjire mu masenga, mwinyegeze mu kuzimuntimuhure n’Uhoraho kuko biteye ubwoba canentimuhure n’ugukayangana kw’ubwiza bwiwe!
18Ibigirwamana bizokurwaho vyose.
22Nimureke kwizigira abantu,kuko bameze nk’impwemu zo mu mazuru yabo.Mbega hari ico bobamarira?
4"Mbega jewe umuntu ata co maze, nokwishura iki?Nshize ikiganza ku munwa.
9Mbega unganya ukuboko n’Imana?Ijwi ryawe ryoturagara nk’iryayo?
10Niwisakare ubwiza n’ubukuru,wambare icubahiro n’igitinyiro.
12ko ivyo bituma mumwemerera kutagira ico afashisha se canke nyina.
22ubusambanyi, gukunda ibintu kurenze urugero, ubukozi bw’ikibi, ubugunge, kwipfuza kurenze urugero, kwipfuza ivy’abandi, gutukana, ubwibone, n’ubupfu.
29Yesu aramwishura ati: "Ko wishuye uko, niwitahire; ya mpwemu mbi yavuye mu mukobwa wawe."
3Imana yacu iri mw’ijuru;ikora ibiyihimbara vyose.
13azoha umugisha abubaha Uhoraho;aboroshe n’abahambaye.
15Uragahabwa umugisha n’Uhoraho,Umuremyi w’ijuru n’isi.