Mariya abwirwa ko azovyara Yesu
26 Elizabeti amaze amezi atandatu yibungenze, Imana irungika umumarayika Gaburiyeli mu gisagara c’i Galilaya citwa Nazareti, 27 ku nkumi yitwa Mariya yari ikowe n’umusore yitwa Yosefu, wo mu muryango wa Dawidi. 28 Uwo mumarayika yinjira aho Mariya ari, amubwira ati: "Nezerwa! Umwami Imana akugiriye ubuntu, kandi ari kumwe na we."