34 Mariya abaza uwo mumarayika ati: "Ivyo vyoshoboka bite, ko ntarigera ndyamana n’umugabo?"
35 Na we aramwishura ati: "Mpwemu Yera azokuzako, maze ubushobozi bw’Iyisumbavyose bugutwikire. Ni co gituma umwana uzovyara azoba uwera, yitwe Umwana w’Imana. 36 Mbere na Elizabeti incuti yawe agiye kuvyara umwana mu myaka yiwe y’ubusaza. Uwahora yitwa ingumba, uku ni ukwezi kugira gatandatu yibungenze, 37 kuko ata jambo Imana ivuze ribura ububasha."
38 Mariya aramwishura ati: "Jewe ndi umusavyikazi w’Umwami Imana, nibimbere nk’uko ubivuze." Maze uwo mumarayika aca amusiga aho aragenda.