59 Umwana amaze imisi umunani, bamujana kumukeba1:59 Nk’uko vyategekwa n’Ivyagezwe vya Mose.. Bagira bamwite izina rya se Zakariya, 60 nyina arahakana, avuga ati: "Oya, izina ryiwe ni Yohana."
61 Na bo baramubwira bati: "None ko ata n’umwe wo mu muryango wanyu yitwa iryo zina!"
62 Baca babaza se bakoresheje ibimenyetso ngo ababwire izina ashaka ko bita umwana wiwe. 63 Zakariya aca asaba ico kwandikako, yandika ati: "Izina ryiwe ni Yohana." Bose baratangara. 64 Ubwo nyene akanwa kiwe gaca karuguruka, ururimi ruragoboroka, aca atangura kuvuga ahimbaza Imana.