1 Yesu aca abacira umugani, kugira ngo abereke ko bakwiye kwama basenga, ntibadendebukirwe. 2 Arababwira ati: "Mu gisagara kimwe habaye umucamanza atubaha Imana kandi ntiyumvire umuntu n’umwe. 3 Muri ico gisagara nyene, hariho umupfakazi yama aza kumwinginga ati: ‘Ncira urubanza runkiza uwundenganya.’
4 Uwo mucamanza amara igihe atamwumviriza. Ariko arateba aribwira ati: ‘N’aho ntantinya Imana kandi sinumvire n’abantu, 5 kubera uwu mupfakazi angoye cane; ngira ndamutunganirize kugira ngo ntabandanye aza kunduhisha.’ "
6 Umwami Yesu yongerako ati: "Nimwumve ivyo uwo mucamanza agabitanya yavuze. 7 Mbega Imana ntizotunganiriza abo yatoranije, bayitakambira ijoro n’umurango? Mbega mwibaza ko izobatevya? 8 Ndababwire ukuri, izokwihuta kubatunganiriza. Ariko none, aho Umwana w’Umuntu azogarukira, azosanga ukwizera kw’isi?"