Yesu yinjira i Yerusalemu nk’umwami
28 Yesu ahejeje kuvuga ivyo, aca arabandanya aduga i Yerusalemu. 29 Yegereje i Betifage n’i Betaniya ku Musozi wa Elayono, atuma babiri mu bigishwa biwe, ababwira ati: 30 "Nimugende muri iriya mihana iri imbere yanyu; nimwashikayo murahasanga inyana y’indogoba iziritse ata muntu n’umwe arayigenderako. Muce muyizitura, muyizane hano. 31 Nihagira uwubabaza ati: ‘Ni kubera iki muyizituye?’ Mumwishure muti: ‘Umwami arayikeneye.’ "
32 Nuko abatumwe baragenda, basanga ibintu bimeze nk’uko yari yabibabwiye. 33 Bakiriko barayizitura, nyeneyo arababaza ati: "Ni kuki muzitura iyo ndogoba?"
34 Baramwishura bati: "Umwami arayikeneye."
35 Maze baca bayishira Yesu, bayisasako impuzu zabo, bayimwicarikako. 36 Kandi aho yaca hose, abantu baca basasa impuzu zabo mu nzira.
37 Yegereye ahari inzira imanuka iva ku Musozi wa Elayono, isinzi ry’abigishwa biwe batangura guhimbaza Imana n’akanyamuneza kenshi n’amajwi arenga, kubera ibitangaza vyinshi bari bamaze kubona, bavuga bati:
38 "Hahezagirwe umwami aje mw’izina ry’Uhoraho!"19:38 Zaburi 118:26
"Amahoro abe mw’ijuru, n’icubahiro hejuru mw’ijuru!"
39 Bamwe mu Bafarisayo bari muri iryo sinzi babwira Yesu bati: "Mwigisha, hoza abo bigishwa bawe!"
40 Arabishura ati: "Ndababwire ukuri, naho bohora, amabuye yosemerera."