Ivuka rya Yesu
1 Muri iyo misi, Kayisari Ogusito, umwami w’abami w’Abaroma, asohora itegeko ko haba urusansuma rw’abantu bose baba mu bwami bw’Abaroma. 2 Urwo rwari urusansuma rwa mbere rubaye kandi ico gihe Kiriniyusi yatwara intara ya Siriya. 3 Nuko abantu bose baja mu bisagara bavukiyemwo kwisansumisha.
4 Yosefu na we nyene ava i Nazareti, igisagara c’i Galilaya, aduga i Yudaya mu gisagara ca Dawidi citwa Betelehemu, kuko yakomoka mu muryango wa Dawidi. 5 Nuko aja kwisansumisha ajanye na Mariya, uwo yari akoye, kandi Mariya yari yibungenze.