Pular para o conteúdo
Publicidade

Luka 2

22 Igihe c’imigenzo yo guhumanurwa kigeze, nk’uko Ivyagezwe vya Mose vyabitegekanya, Yosefu na Mariya badugana Yesu i Yerusalemu kumushikanira Umwami Imana. 23 Nk’uko vyanditswe mu Vyagezwe vy’Uhoraho, "Umuhungu wese w’imfura yategerezwa kwegurirwa Uhoraho"2:23 Kuvayo 13:2,12. 24 Nuko Yosefu na Mariya baca batanga ikimazi nk’uko ivyo Vyagezwe vy’Uhoraho vyabitegekanya: "inyoni zitwa intunguru zibiri canke inuma zikiri nto zibiri."2:24 Abalewi 12:8

25 I Yerusalemu hari umugabo yitwa Simeyoni, yari umugororotsi kandi yubaha Imana. Yari yiteze kubona ukwirurwa kwa Isirayeli, kandi Mpwemu Yera yari kuri we. 26 Kandi yari yarahishuriwe na Mpwemu Yera ko atazopfa atabonye Kristo yasezeranywe n’Umwami Imana. 27 Arongowe na Mpwemu Yera, yinjira mu rusengero. Yosefu na Mariya bazanye Yesu mu rusengero kugira ngo bashitse ivyo ivyagezwe vyategekanya kuri we, 28 Simeyoni aramwakira, amukikira mu maboko yiwe, ashima Imana ati:

29 "Ubu rero, Mwami Imana, nk’uko wansezeraniye,

urasezeye umusavyi wawe amahoro.

30 Kuko amaso yanje yiboneye agakiza,

31 ako wateguriye amahanga yose.

32 Ni umuco uzohishurira Abanyamahanga Imana,

ni icubahiro ku bwoko bwawe bwa Isirayeli."

33 Abavyeyi b’uwo mwana batangazwa cane n’ayo majambo amuvuzeko. 34 Nuko Simeyoni arabahezagira, maze abarira Mariya ati: "Uwu mwana ashizweho kugira ngo, muri Isirayeli, abantu benshi bagwe, abandi bavyuke. Azoba ikimenyetso kivuye ku Mana, ariko benshi bazomugwanya. 35 Ivyo bizotuma ivyiyumviro vyo mu mitima ya benshi bija ahabona. Kandi na wewe nyene, inkota izogusogota mu mutima."

36 Hariho n’uwavugishwa n’Imana yitwa Hana, mwene Fanuweli, wo mu muryango wa Asheri, yari ashaje cane. Yabanye n’umugabo wiwe imyaka indwi gusa, 37 akaba yari amaze imyaka mirongo umunani n’ine ari umupfakazi. Yama mu rusengero ijoro n’umurango, akorera Imana, asenga kandi yisonzesha. 38 Ako kanya nyene, ashika aho bari aca atangura gushima Imana no kubwira abari biteze ugucungurwa kwa Yerusalemu bose inkuru z’uwo mwana.

Veja também