19 Aca afata n’umukate, awushimira Imana, arawumanyura, arawubahereza avuga ati: "Iki ni ikimenyetso c’umubiri wanje utanzwe ku bwanyu; muzohore mubikora mu kunyibuka."
20 Bahejeje gufungura, agira uko nyene, afata igikombe, avuga ati: "Iki gikombe ni isezerano22:20 Isezerano hagati y’Imana n’abantu bayo. rishasha rivuye mu maraso yanje, asesetse ku bwanyu.