Yesu ahagarika imipfunda
22 Umusi umwe Yesu yabariye abigishwa biwe ati: "Tujabuke tuje hakurya y’ikiyaga." Nuko batambukira mu bwato, bafata urugendo. 23 Bakiriko barasoza, Yesu arasinzira. Haca haduka umuyaga mwinshi mu kiyaga, maze ubwato butangura kwuzura amazi; bari bageramiwe cane.
24 Abigishwa baca baja kumuvyura bavuga bati: "Mwigisha, mwigisha, turapfuye!"
Nuko aravyuka akankamira uwo muyaga n’imipfunda, igihuhusi kirahagarara, ubwo nyene haba agahwekere! 25 Yesu aca abaza ba bigishwa ati: "Ukwizera kwanyu kuri he?"
Maze baratangara, bagira n’ubwoba bwinshi, batangura kubazanya bati: "Mbega uwu ni umuntu ki? Ategeka umuyaga n’amazi kandi bikamwumvira!"