27 Yesu atambukiye ku nkengera y’ikiyaga, asanganirwa n’umugabo yarimwo abadayimoni, aje ava mu gisagara. Yari amaze igihe kirekire atambara impuzu canke ngo abe mu nzu; yaba mw’itongo ry’abapfuye. 28 Abonye Yesu, aca akoma induru, yikubita ku birenge vyiwe, asemerera n’ijwi rirenga ati: "Undonderako iki ga Yesu, Mwana w’Imana Musumbavyose? Ndakwinginze ntunkubagure imibabaro!" 29 Ivyo yabivuze kuko Yesu yari yategetse iyo mpwemu mbi kumuvamwo. Kenshi iyo mpwemu mbi imufashe, naho bamubohesha iminyororo n’amaguru yiwe bakayashira mu vyuma kugira ngo agume hamwe, yarabicagagura, iyo mpwemu mbi igaca imutwara kuyerera mu gahinga.
30 Yesu arayibaza ati: "Witwa nde?"
Na yo iramwishura iti: "Nitwa Gitero," kuko yarimwo abadayimoni benshi. 31 Abo badayimoni binginga Yesu ngo ntabarungike i kuzimu.
32 Hafi y’aho hari umukuku w’ingurube nyinshi zari ziragiwe ku musozi. Abo badayimoni binginga Yesu ngo abarungike muri izo ngurube, maze arabemerera. 33 Nuko ba badayimoni bava muri wa muntu, binjira muri za ngurube, na zo ziriruka zimanuka, zisuka mu kiyaga ziradwibira, zicwa n’amazi.
34 Abari baragiye izo ngurube babibonye baca bariruka, baja kubivuga mu gisagara no mu mihana. 35 Maze abantu bava mu gisagara baza kuraba ivyabaye. Bashitse aho Yesu ari, babona uwo muntu yavuyemwo abadayimoni, yicaye imbere ya Yesu, yambaye kandi afise ubwenge bukwiye, na bo bagira ubwoba.