Imibaanire y’Abaashaakanye
1 Nuuko reero ni co kimwe namwe bagore, muje mwumvira abagabo baanyu, kugira ngo n’ubwo bamwe muri bo baaba batiizeera ijambo ry’Imaana, babaashe guhindurwa ari nta co babwiwe, ahuubwo babiteewe n’imigenzereze myiza y’abagore baabo,