Pular para o conteúdo
Publicidade

Ivyakozwe 12:5-12

5 Nuko Petero ashirwa mw’ibohero, ariko ishengero riguma risenga Imana n’umwete mwinshi ku bwiwe.

6 Buca Herode amucira urubanza, Petero yari asinziriye, aryamye hagati y’abasoda babiri, abohesheje iminyororo ibiri. Abandi basoda bari baraririye ku muryango w’ibohero. 7 Umumarayika w’Umwami Imana aca araza, umuco urasira mu cumba Petero yarimwo, amukoma mu rubavu, aramukangura, amubwira ati: "Vyuka ningoga!" Ubwo nyene ya minyororo ica imuva ku bikonjo, irakoroka.

8 Uwo mumarayika aca abarira Petero ati: "Ambara impuzu n’ibirato vyawe." Nuko Petero aravyambara. Wa mumarayika arasubira ati: "Ambara umutamana wawe, unkurikire." 9 Maze Petero aca aramukurikira barasohoka, ariko ntiyari azi ko ivyo uwo mumarayika ariko arakora vyari ivy’ukuri. Yiyumvira ko yariko arerekwa. 10 Nuko baca ku bararirizi ba mbere n’aba kabiri, bashika no ku rugi rw’irembo ryaja mu gisagara, rwari urw’icuma. Maze ruriyugurura, bararengana, barasohoka. Bagishika mw’ibarabara, wa mumarayika asiga ngaho Petero, ntiyasubira kumubona.

11 Ni ho Petero yatora akenge, avuga ati: "Ubu rero ndamenye vy’ukuri ko Umwami Imana yarungitse umumarayika kundokora mu vyara vya Herode n’ivyo Abayuda bari bateguye kungirira vyose."

12 Amaze gutahura ivyo, aca aja i muhira kwa Mariya nyina wa Yohana ari we Mariko, aho abizera benshi bari bakoraniye bariko barasenga.

Estes versículos te tocaram? Ore agora!

+581 estão orando agora.

Junte-se à corrente de oração.