Pular para o conteúdo
Publicidade

Ivyakozwe 16:16-34

Pawulo na Silasi batabwa mw’ibohero

16 Umusi umwe, turiko turaja ahantu ho gusengera, duhura n’umuguranokazi yari afise impwemu yo kuragura, yatuma amenya ivya kazoza, agacira amahera menshi ba shebuja mu kuragura. 17 Maze wa mukobwa akurikira Pawulo n’abo twari kumwe bose, asemerera ati: "Aba bantu ni abakozi b’Imana Musumbavyose, baje kubabwira inzira ibashikana ku gakiza." 18 Nuko amara imisi avuga ivyo, gushika aho Pawulo adundumirwa, arahindukira abwira iyo mpwemu ati: "Mw’izina rya Yesu Kristo, ndagutegetse, muvemwo." Ubwo nyene ya mpwemu ica iramuvamwo.

19 Maze ba shebuja babonye ko bagiye guhomba amahera yahora abinjiriza, bafata Pawulo na Silasi, babajana imbere y’abatware, mu kibanza gikoraniramwo abantu benshi. 20 Babazana imbere y’abacamanza b’Abaroma, bavuga bati: "Aba bantu ni Abayuda, kandi bariko baragumura igisagara, 21 bigisha imigenzo twebwe Abaroma tutemerewe gukurikiza."

22 Abari ngaho bose baca bakurira hasi Pawulo na Silasi, ba bacamanza baca bategeka ko babambura impuzu bakabakubita ibimoko. 23 Bamaze kubakubita cane, baca babaterera mw’ibohero, bategeka umukuru w’ibohero kubarinda cane kugira ngo ntibatoroke. 24 Kubera iryo tegeko ahawe, aca abashira mu cumba c’ibohero kiri kure, amaguru yabo ayabohera hagati y’ibiti.

25 Nko mu gicugu hagati, Pawulo na Silasi bariko barasenga bongera baririmba indirimbo zo gutazira Imana, izindi mbohe zarabumva. 26 Ubwo nyene haba nyamugigima ikomeye cane, inyiganyiza amatanguriro y’ibohero. Imiryango y’ibohero iriyugurura, iminyororo yari iboshe imbohe zose izivako. 27 Umurinzi w’ibohero yikanguye asanga imiryango yose iruguruye, maze asokorora inkota ngo yiyice kuko yibaza ko imbohe zatorotse. 28 Ariko Pawulo arasemerera ati: "Reka ntugire ico wigira, twese turi hano."

29 Wa murinzi w’ibohero aca atumako urumuri, yiruka mu cumba Pawulo na Silasi barimwo, yikubita imbere y’ibirenge vyabo. 30 Aca abasohokana hanze, ababaza ati: "Ba nyakwubahwa, nokora iki kugira ngo nkizwe?"

31 Baramwishura bati: "Izere Umwami Yesu, urakizwa, wewe n’abo mu nzu yawe." 32 Baca bamubwira Ijambo ry’Umwami Imana, we n’abo mu nzu yiwe bose. 33 Iyo saha, muri iryo joro nyene, aca abajana kuboza ibikomere vyabo, maze we n’abo mu nzu yiwe bose baca barabatizwa. 34 Nuko abajana iwe, arabagaburira, kandi we n’abo mu nzu yiwe bose buzura umunezero kuko bari bizeye Imana.

Estes versículos te tocaram? Ore agora!

+581 estão orando agora.

Junte-se à corrente de oração.