Pular para o conteúdo
Publicidade

Lucas 1

Mariya abwirwa ko azovyara Yesu

26 Elizabeti amaze amezi atandatu yibungenze, Imana irungika umumarayika Gaburiyeli mu gisagara c’i Galilaya citwa Nazareti, 27 ku nkumi yitwa Mariya yari ikowe n’umusore yitwa Yosefu, wo mu muryango wa Dawidi. 28 Uwo mumarayika yinjira aho Mariya ari, amubwira ati: "Nezerwa! Umwami Imana akugiriye ubuntu, kandi ari kumwe na we."

29 Mariya aterwa ubwoba bwinshi n’ayo majambo, yibaza ico iyo ndamukanyo isigura. 30 Ariko wa mumarayika aramuhumuriza ati: "Ntutinye, Mariya, kuko ugiriwe ubuntu n’Imana. 31 Raba ugiye gusama inda, maze uzovyara umwana w’umuhungu, kandi uze umwite Yesu. 32 Azoba uwuhambaye, kandi azokwitwa Umwana w’Iyisumbavyose. Umwami Imana azomuha intebe y’inganji ya sekuruza Dawidi, 33 kandi azoganza inzu ya Yakobo ibihe bidashira; Ubwami bwiwe ntibuzogira iherezo."

34 Mariya abaza uwo mumarayika ati: "Ivyo vyoshoboka bite, ko ntarigera ndyamana n’umugabo?"

35 Na we aramwishura ati: "Mpwemu Yera azokuzako, maze ubushobozi bw’Iyisumbavyose bugutwikire. Ni co gituma umwana uzovyara azoba uwera, yitwe Umwana w’Imana. 36 Mbere na Elizabeti incuti yawe agiye kuvyara umwana mu myaka yiwe y’ubusaza. Uwahora yitwa ingumba, uku ni ukwezi kugira gatandatu yibungenze, 37 kuko ata jambo Imana ivuze ribura ububasha."

38 Mariya aramwishura ati: "Jewe ndi umusavyikazi w’Umwami Imana, nibimbere nk’uko ubivuze." Maze uwo mumarayika aca amusiga aho aragenda.

Veja também