28 Uwo mumarayika yinjira aho Mariya ari, amubwira ati: "Nezerwa! Umwami Imana akugiriye ubuntu, kandi ari kumwe na we."
29 Mariya aterwa ubwoba bwinshi n’ayo majambo, yibaza ico iyo ndamukanyo isigura. 30 Ariko wa mumarayika aramuhumuriza ati: "Ntutinye, Mariya, kuko ugiriwe ubuntu n’Imana. 31 Raba ugiye gusama inda, maze uzovyara umwana w’umuhungu, kandi uze umwite Yesu.