Pular para o conteúdo
Publicidade

Lucas 1

Ukuvugishwa kwa Zakariya

67 Se Zakariya, yuzuye Mpwemu Yera, atangura kuvugishwa ati:

68 "Amashimwe ni ay’Umwami, Imana ya Isirayeli,

kuko yaje gutabara no gucungura abantu bayo.

69 Iduhagurukirije Umukiza ahambaye

mu nzu ya Dawidi, umusavyi wayo

70 nk’uko yabisezeranye kera ikoresheje abavugishwa bayo bera,

71 izodukiza abansi bacu,

iturokore no mu maboko y’abatwanka.

72 Yagiriye imbabazi ba sogokuruza,

yibuka isezerano ryayo ryera,

73 ari yo ndahiro yarahiye sogokuruza Aburahamu;

74 ko izodukiza agahahazo k’abansi bacu,

ikadushoboza kuyikorera ata bwoba,

75 mu kwera no mu kuyigororokera imisi yose yo kubaho kwacu.

76 Kandi nawe, mwana wanje,

uzokwitwa uwuvugishwa n’Iyisumbavyose,

kuko uzokwitangira imbere Umwami Imana,

ukamutegurira inzira.

77 Uzokwigisha abantu biwe inzira y’agakiza

kava mu guharirwa ivyaha vyabo.

78 Kubw’imbabazi nyinshi z’Imana yacu,

umuco w’igitondo ugiye kuturasira uvuye mw’ijuru,

79 kugira ngo uboneshereze abari mu mwijima

n’abari mu gitutu c’urupfu,

wongere urongorere intambuko zacu mu nzira y’amahoro."

Veja também